Gregonie Niyonizigiye
December 18, 1968 – February 15, 2026

Réseau funèbre de Mme Grégonie:
Umupfosoni Grégonie NIYONIZIGIYE yavukiye ku musozi KIBIMBA, commune GISOZI
intara ya Mwaro kw’igenkerezo rya 18/12/1968. Yize amashule mato i kibimba kuva
1976 – 1983, ayisumbuye ayiga kuri Lycée ya Rubanga kuva mu mwaka wa 1983 ayaheza
mu mwaka 1990 aho yaciye yinjira muri kaminuza y’u Burundi (Université du Burundi)
mugisata c’inyigisho (Institut Pédagogique: Français -Kirundi) ahaheza mu mwaka wa
1993.
Mumwaka wa 1994 yatanguye kwigisha kuri Lycée Ngagara (EN) gushika 1999 aca
yungururiza kuri petit séminaire de Kanyosha aho yakoze gushika 2005. Ico gihe yaciye
aja gukora mw’ishiramwe health Net TPO gushika 2015 aho yagiye araronka
amahugurwa atandukanye muvy’ubuzima bw’imibereho (formation psycho-socile).
Munyuma yaciye atangura gukora utwiwe mu bucuruzi. Aho hosi yakuye ubumenyi
bwinshi mu mirimo ya misi yose no mumibano nkuko nabo bamye batugararize yuko
bamwigiyeko vyinshi anaharonkera abagenzi benshi cane nkaba mboneho no
gushimira uwariwe wese yagize uruhara mukwubaka ubuzima bwiwe Imana
ibahezagire.
Gregonie yubatse urwiwe muri 1994 akaba asize abana 5 n’abuzukuru 3
Mubuzima busanzwe hariho ibintu vyinshi tuzokwama tumwibukirako: urukundo,
ubuntu, imvuga kuri, ubutungane, ubukerebutsi, ubwitonzi, impuhwe. Yakunda
gusenga cane natwe arabidukundisha kandi tukazoguma tubizirikana. Yari ikingi
y’urugo, umuhanuzwajambo kuri twese, iragi adusigiye tumwemereye kuzokwama
turigendera kandi ko tuzomwiza ku muzirikanyi. Imana imwakire mubatoni bayo
imuduhere uburuhukiro budashira.
Murakoze
Guestbook
Services
Schedule Details
Service will be held 11:00 am on Friday, March 6, 2026 at Daniel Funeral Home in St. Cloud for Gregonie Niyonizigiye
Visitation will be held one hour prior to services on Friday at Daniel Funeral Home in St. Cloud